UMURWI LYDIA LUDIC SPORT FOR AFRICA WARAYE USEZEYE IHIGANWA CECAFA KAGAME CUP RIGIRA 38 I DAR ES SALAAM.

Umurwi Lydia Ludic sport for Africa wari waserukiye uburundi mwihiganwa CECAFA Kagame Cup rigira 38 ririko ribera i Dar es salaam muri Tanzania waraye usezeye ihiganwa utsinzwe na APR wurwanda ibitsindo bibiri kuri kimwe.
Urwo rukino rwatanguye isaha icenda kumuhingamo wo kuruwu wa 23 mukakaro kumasaha yo muburundi aho Lydia Ludic sport for africa niyo yatanguye gutsinda hari kumunota wa 53 cinjijwe na Nahimana Abdul aziz ariko umunezero numwizero wokubandanya wamaze akanya urume rumara kuko haheze iminota itanu gusa Ciza Fataki yarakoze ikosa ryatumye hatangwa penaltie kuri APR maze uwitwa Sibomana Patrick arayinjiza banganya kimwe kukindi.
APR yagiye kuronka gitsindo cintsinzi urukino rugira rurangire cinjijwe na Bigirimana Issa gutyo ruca rurangira kubitsindo 2 vya APR kuri kimwe ca Lydia Ludic sport for africa.
Lydia Ludic yaciye isezera iryo higanwa kubera yategerezwa gutsinda ugira ibandanye,ikaba isezeye iryo higanwa ifise amanota abiri gusa munkino zitatu,yanganije kabiri itsindwa rimwe.
Inyuma yiryo higanwa yarigiyemwo ubwambere uwo murwi ugiye kwitegurira ihiganwa rya Primus ligue ryiburundi rigiye gutangura muruku kwa Myandagaro atagihindutse.


Publié le 24 / 07 / 2015 par Jimmy blaise Niyizonkiza

Vos Commentaires

Donnez votre commentaire sur cet article!

Attention : votre commentaire n'apparaîtra qu'après avoir été validée par un l'équipe éditoriale de Bonesha FM.

Votre Nom
Votre Email
Votre Commentaire